Ku mafoto: Umuriro mwinshi urageramiye Israel

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bataye izabo inyuma y'aho umuriro mwinshi utanguriye kwegereza igisagara ca Haifa, mu buraruko bw'ogihugu ca Israel.

Insiguro y'isanamu,

Umuriro mwinshi wari umaze imisi waka ubu urasugereje igisagara ca Haifa mu buraruko bwa Israel. Uwo muriro umaze kwonona ibintu vyinshi. Abategetsi bavuga ko abantu 50.000 bo mu turere umunani bategerezwa kwimuka.

Insiguro y'isanamu,

Nta nkuru ziramenyekana ko hoba hari abantu wagizeko ingaruka, ariko abantu benshi bajanywe mu bitaro kubera bahemye impwemu zirimwo umwotsi.

Insiguro y'isanamu,

Kubera umuyaga mwinshi vyatumye uwo muriro ukwiragira hose vyihuta.

Insiguro y'isanamu,

Indege itwaye amazi yo kuzimya uwo muriro yaciye hejuru y'ico gisagara. Igipolisi kivuga ko abahaba basugerejwe n'umuriro uturuka mu mpande zine.

Insiguro y'isanamu,

Muri tumwe mu turere twa Haifa, uwo muriro watanguye kwegereza amazu abantu babamwo.

Insiguro y'isanamu,

Uturere twateyemwo uwo muriro twarageramiwe n'uruzuba mu gihe c'ici mu kiringo c'amezi abiri. Abashikiranganji bavuga ko uwo muriro wakijwe k'ugushaka.

Insiguro y'isanamu,

Uwo muriro uraboneka hagufi y'ibarabara rikuru rya Route1 ifatanya ibisagara na Tel Aviv na Jerusalem.

Insiguro y'isanamu,

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bataye izabo i Haifa, ari na ko bagerageza guhungisha ivyabo.

Insiguro y'isanamu,

Abazimya umuriro babandanya kugerageza kuyazimya n'aho wafatiriye ahantu henshi kandi na bo ari bake. Bategerezwa kandi gutabara abantu n'amazu yabo.

Insiguro y'isanamu,

Umwotsi uturutse kuri uwo muriro i Haifa wabaye mwinshi ku buryo vyari bigoye kubona umushwarara w'izuba.

Insiguro y'isanamu,

Amashamba yegereye igisagara ca Jerusalem na yo arageramiwe. Israel yaronse abaza kuyifasha bavuye mu Burusiya, Turkia, Ubugiliki, Ubutaliano, Croatia na Chypres.