Fillon na Juppe bahanganye mu kiganiro mu Bufaransa

Ntivyari vyitezwe ko Francois Fillon atsinda mu matora ya mbere
Insiguro y'isanamu,

Ntivyari vyitezwe ko Francois Fillon atsinda mu matora ya mbere

Abahoze ari abashikiranganji ba mbere Francois Fillon na Alan Juppe bahanganye mu kiganiro ku moneshakure mu kurondera uwuzoserukira abarepublicains mu matora ya prezida yimirije.

Francois Fillon ntiyashoboye kuronka amajwi akenewe kugira atahukane intsinzi mu matora ya mbere, akagiriza uwo bahanganye Alain Juppe ko yerekana ivyiyumviro vya kera.

Juppe na we avuga ko imigambi y'uwo bahanganye harimwo ikibazo co kugabanya amahera reta ikoresha, ari mibi cane.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko uwuzogenwa ku ruhande rw'aba republicain, uravye ukutumvikana kurangwa mu ba socialistes, azohangana bikomeye mu matora ya prezida n'uwuzoba yaserukiye umugambwe wa FN .