Irani: 31 bapfuye mu mpanuka ya gariyamoshi i Semnan

Ahavuye isanamu, EPA
Gariyamoshi yatemvye
Uretse abantu 31 bivugwa ko boba bapfuye, hari n'abandi benshi bakomeretse muriyo mpanuka yaturutse kuri gariyamoshi zibiri zasekanye mu buraruko bwa Irani, nkuko ubutegetsi bubivuga.
Ivyumba bine vya gariyamoshi imwe vyataye inzira, bibiri birarurumba igihe gariyamoshi yunguruza abantu mu bisagara bitandukanye igonzwe n'iyindi hakiri kare kur'uno wa gatanu.
Iryo sanganya ryabaye hakanye cane igipimo kiri munsi y'ubusa ku birometero 250 mu buseruko bw'umugwa mukuru Tehran.
Mu bapfuye bane bari abakozi bo mu gisata c'ukwunguruza abantu na gariyamoshi nkuko itangazamakuru ry'igihugu ryabishikirije.
"Imivyimba y'abantu 31 yashoboye kumenyekana iruhande y'abarenga 70 binjijwe ibitaro,"nkuko bulamatari w'intara Mohammad Reza Khabbaz yabishikirije imwe mu maradiyo akorera mu gihugu.
Ingorane za "mécanique" nizo zatumye iyo gariyamoshi yunguruza abantu mu bisagara bitandukanye ihagarara hagati y'ibituro bibiri vya gariyamoshi, niko bulamatari yavuze.
Ahavuye isanamu, AP
Ivyumba bibiri vya gariyamoshi yunguruza abantu vyarurumvye igonzwe inyuma
Iryo sanganya ryabereye mu ntara iri mu buraruko bwa Irani ahitwa Semnan, ku nzira nkuru hagati ya Tehran na Mashhad mu buraruko bushira ubuseruko.
Uwurongoye umuryango utabara imbabare "Croissant Rouge" Hassan Shokrollahi yavuze ko ibikorwa vyo gutabara bigoye kubera ko iryo sanganya ryabereye ahantu hagoye gushika.
"Kubera ko hagoye gushika, kajugujugu yacu yonyene niyo yashoboye kuhashika", niko yavuze.
Abakomeretse batwawe mu bitari vya Semnan na Damghan.