Agatambara iteka kaje gusubiza agateka umurundikazi?

Agatambara iteka gashobora gukoreshwa incuro nyinshi
Image caption Agatambara iteka gashobora gukoreshwa incuro nyinshi

Ikibazo c’ubutinyanka mu Kirundi canke imihango mu Kinyarwanda ni ikibazo kidakunze kuvugirwa ku mugaragaro, n’ubwo cerekeye miliyoni z’abakobwa n’abagore.

Mu Burundi n’ubwo ata biharuro bihari, bivugwa ko abakobwa n’abagore benshi gushika ubu bibagora kuronka udutambara two kwifashisha mu gihe bari mu butinyanaka.

Hari abakoresha udushambara tw’impuzu, ibibabi canke mbere ntihagire na kimwe bakoresha.

Vyose bikabatera ingorane z’isuku no kutabandanya bakora imirimo yabo neza muri ico kiringo.

Hari ishirahamwe ryabonye izo ngorane maze rifata iya mbere mu kugira ico rifashije.

Image caption Ishirahamwe SACODE rimaze gutanga utwo dutambara ku bigeme barenga 7.000 mu ntara indwi zo mu Burundi

Iryo shirahamwe ni SACODE rifasha abigeme kuronka udutambara bita ITEKA bakenera mu bihe vy’ubutinyanka.

Mubamaze guhabwa utwo dutambara harimwo aziza avuga ko ataraturonka bitari bimworoheye.

“Vyarangora no kuronka n’ivyo bakoresha vy’ikizungu. Kenshi nakoresha udutambara. Hari igihe nadukoresha nkasanga impuzu zononekaye, bikananira ko nohaguruka ngo nje mu bandi. Hari igihe nabanza kurindira ko abandi banyeshure bataha kugira nanje nshobore guhagarika”. Uko ni ko Aziza avuga.

Uwo mwigeme na bagenziwe bemeza ko ubwa mbere bakoresha impuzu zaheze, bakavuga kw’ivyo vyagira ingaruka mbi ku magara yabo.

“Birya bindi bitambara naba nakase ku mpuzu ntivyanyorohereza kuko hari igihe wasanga vyamyoye agati y’amaguru, kandi sinumva meze neza”, ivyo bivugwa n’uwundi mwigeme.

Image caption Abapfasoni benshi ntibafise ubushobozi bwo kugura udutambara twa kijambere twa Cotex

Izo ngorane ni zo zatumye ishirahamwe SACODE ryishinze guteza imbere amagara y’abantu rigira iciyumviro co gushona udutambara dushobora gukoreshwa incuro nyishi maze rikadutanga ku buntu ku bigeme b’abanyeshure badukeneye.

Gushika ubu mu Burundi nta cigwa kirakorwa ku bitigiri vy’abigeme n’abakenyezi badashobora kuronka ivyo bakoresha bari mu butinyanka.

Ariko benshi kubera ubukene, ntibashoboye kuronka amafaranga 1500 kugira bagure agatambara ka kijambere bita cotex.

Mu mezi ari imbere, ishirahamwe SACODE rikipfuza kuzotanga utwo dutambara ku bana bose b’abigeme b’abanyeshure bafise imyaka iri musi ya 20.