Igisasu cahitanye abantu mw'isoko iMogadishu

Ahavuye isanamu, BBC Somali
Isoko yatezwemwo igisasu ubwayo yasambutse
Abantu batari munsi ya munani nibo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'igisasu caturikirijwe mw'isoko mu mugwa mukuru wa Somalia Mogadishu.
Abatwara imodokari zijejwe gutabara indembe bemeza ko igitigiri c'abantu bahitanywe n'igisasu catezwe mw'isoko, gishobora kurenga kure umunani bamaze kumenyekana.
Ico gisasu caturukirijwe mw'isoko rigurigwamwo ibifungurwa, cakomerekeje kandi abantu benshi.
Iryo soko ridandarizwamwo cane cane imboga n'ibindi bifungurwa, ubwaryo ryasambutse cane.
Umutwe wa Al Shabaab ukunda kugaba ibitero mu mugwa mukuru Mogadishu n'ibindi bice vya Somalia.