Trump yise Castro 'umutegetsi w'igikenye'

Ahavuye isanamu, AFP
Obama yavuze ko kahise ariko kazokwerekana ico Castro yamaze
Mw'itangazo yasohoye, uwuheruka gutoregwa kuyobora Leta zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko iragi Castro yasize ari uko yashize abantu mu magogwa ntangere akabima uburenganzira bw'ibanze.
Perezida Barack Obama yavuze ko yifuza kwirura abanya Cuba inyuma y'urupfu rwa Fidel Castro, rwaraye rubaye mw'ijoro ryakeye.
Barack Obama yavuze ko leta yiwe yakoze ibishoboka vyose kugirango barabe ko borengera ibibazo Cuba na Leta zunze Ubumwe za Amerika zitashoboye kwumvikanako.
Mu gihe ciwe co kwiyamamaza, Donald Trump yavuze ko azosubiza ibuti amasezerano yo kuvyura imigenderanire hagati ya Amerika na Cuba.
Imigenderanire hagati y'ivyo bihugu vyompi, yari yarasinzikaye kuva mu gihe c'imishamirano hagati y'abagendera ku matwara yagi Communista n'Abanyamerika inyuma y'intambara ya kabiri y'isi, yari yasubiye kunagurwa mu mwaka uheze, igihe perezida Obama yaja muri Cuba mu kwezi kwa gatatu.
Abakunda Castro bamuvuga nk'uwasubije igihugu beneco, nayo abatamushigikiye bakamwita umutegetsi w'igikenye.