Amatora y'intango mu Bufaransa

Amatora y'intango

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Francois Fillon (ibubanfu) na Alain Juppe, bafise intumbero zisa

Francois Fillon niwe aboneka nk'uwushobora kuronka amahigwe menshi, inyuma yo gutsinda ubwa mbere ku munsi w'Imana uheze.

Uwo bahiganwa Alain Juppe, yise umugambi wa Francois Fillon amahinduka atagiramwo ubwitonzi.

Nayo bwan Fillon yavuze ko Alain Juppe atagira umugimbi itomoye yozana amahinduka.

Umuntu wese yiyandikishije gutora, arishe amahera angana n'ama dolari abiri agashira igikumu ku vyiyumviro ngenderwako vy'umugambwe wabo.

Ivyo bituma bamwe bibaza ko abayoboke b'umugambwe mukeba w'aba 'Socialistes' b'indyadya bashobora kubinjiramwo bagahuvya ibizova muri ayo matora y'intango.