Inteko za Syria zafashe agace gakomeye i Aleppo

Ahavuye isanamu, EPA/SANA
Abasirikare ba Syria bafashe akarere ka Masaken Hanano mu ndwi iheze
Inteko za reta ya Syria zafashe agace gakomeye ko mu buseruko bwa Aleppo, zicamwo kubiri agace kari gasanzwe kifatiwe n'inyeshamba.
Imbonerakure y'igihugu n'umurwi uharanira agateka ka kiremwa muntu "Syrian Observatory for Human Rights" bavuze yuko intara ya Sakhour yaguye mu minwe y'igisirikare ca Syria.
Inteko za Syria n'abo bafadikanije bakoze igitero gikomeye barondera kwigarurira Aleppo mu kwezi kw'icenda.
Ibihumbi vy'abanyagihugu b'aba "civiles"baciye bava mu karere kagenzurwa n'inyeshamba ko mu buseruko bwa Aleppo inyuma y'ingwano ikomeye yabaye mu mpera z'indwi iheze.
Imiryango iharurwa mu majana yarataye ingo murako karere kari gahejeje gufatwa.
Kwigarurira Aleppo yose, igisagara ca kabiri kinini ca Syria, n'imwe mu ntego zikomeye za reta ya Syria mu ngwano bahanganyemwo n'inyeshamba zigwanya ubutegetsi.
Scott Craig, umuvugizi w'igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu Onu gifasha impunzi muri Syria, yabwiye BBC ko hari abantu 250,000 bakeneye imfashanyo mu buseruko bwa Aleppo, 100,000 bakaba ari abana. Nta bifungurwa biriho, niko yavuze.
"Uko ibintu vyifashe mu buseruko bwa Aleppo ntawushobora kuvyibaza ku batarishikira yo", niko Craig yavuze.
Ikarata yerekana intara ya Aleppo muri Syria
Imbonerakure y'igihugu isubiramwo amakuru yaturutse mu gisirikare ivuga ko abasirikare b'igihugu"babandanya urugendo binjira mu ma karitiye yo mu buseruko bwa Aleppo".
"Abahinga bacu bariko barategura ibisasu biturika n'ama "mines", "niko yongeyeko.
Rami Abdulrahman, umuyobozi w'ishirahamwe riharanira agateka ka kiremwa muntu "Syrian Observatory for Human Rights" mu gihugu c'Ubwongereza yabwiye ikigo c'itangazamakuru Reuters ko imirwi y'abagwanya reta bataye agace karuta ica gatatu c'akarere bari barigaruriye mu gisagara ca Aleppo muri ino ngwano.
Ubuseruko bwa Aleppo bwari bwarigaruriwe n'imigwi y'inyeshamba igwanya prezida Bashar al-Assad muri ino myaka ine irangiye.
Mu mwaka uheze, inteko z'igihugu ca Syria zarahagaritse gufashanya n'abagwanyi bashigikiwe n'ubutegetsi bwa Irani hamwe n'Uburusiya bwagabira ibitero mu kirere.
Uburusiya buvuga ko inteko zabwo zikorera mu tundi duce tw'igihugu, ko twavuye hejuru ya Aleppo.