Amahera masha ya Zimbabwe ateye amakenga

Zimbabwe yasohoye inoti nshasha ngo igabanye ikeha ry'amahera mu banyagihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Zimbabwe yasohoye inoti nshasha ngo igabanye ikeha ry'amahera mu banyagihugu

Igihugu ca Zimbabwe casohoye amahera yaco mashasha ubwa mbere kuva aho gihebeye gukoreshereza i dolari ryaco bitewe no guta agaciro haraheze imyaka indwi.

Iyo noti ifise agaciro k'idolari rimwe rya Amerika-amahera yo hanze akoreshwa cane kuva 2009-iteye amakenga ko hagiye kugaruka idolari rya kera ry'igihugu ataho ryashikanye abanyagihu.

Ivyayo mahera vyatanguye kuvugwa mu kwezi kwa gatanu, bituma abantu bihereza amabarabara biyamiriza Prezida Mugabe.

Ubutegetsi busohoye ayo mahera kugira bukemure ikibazo c'ikeha ry'amahera.

Bwizeye ko ayo mahera aje gusubirira ayahahora, azoba afise ububasha bwo gukorera gusa hagati mu gihugu ariko ntiyemeregwe gukoreshwa hanze, azohagarika amahera y'amadolari ya Amerika gusohoka.

Mu ntango imiliyoni $10 ni yo yinjijwe mu banyagihugu mu noti z'amadolari abiri n'iza tanu.

Abari mu gisata c'ubudandaji bashimye iyo ntambwe bavuga ko izotuma ubutunzi bwiyongera, ariko abari mu mirwi itavuga rumwe n'ubutegetsi, abakozi hamwe n'amashirahamwe ategamiye reta bariko baritegurira iyindi myiyerekano muri ino ndwi.

Imbere yuko baja kurondera izo noti nshasha, abanya Zimbabwe batonze amasaha n'amasaha bakura mu ma banki amadolari ya Amerika bari bafiseyo batinya ko atazonganya inguvu nayo mashasha.