Umuntu yarashe muri kaminuza ya Ohio

Ahavuye isanamu, AP
Imbere yo kuva muri kaminuza abari bamaze kuhagera babanje gusuzumwa na polisi
Abantu icenda bakomeretse igihe umugabo afise amamuko ya Somalia yinjiza imodokari muri kaminuza ya Ohio akayahurira mu barik bagenda n'amaguru, imbere yo gusohoka iyo kaminuza akaja gutera imbugita abandi bahuye.
Nyene gutera yaciye araswa n'abapolisi aho nyene.
Abakomeretse bivugwa ko ubuzima bwabo butageramiwe cane.
Iryo shure ryari ryahaye imburi abanyeshure ribicishije ku rubuga rwa twitter bababwira bati "Iruka Inyegeze Igwanire" babwira ko "umuntu afise inkoho".
Ariko mu nyuma bahavuye bavuga ko nyene gutera ata nkoho yakoresheje.
Haciye amasaha, igipolisi caciye kimenyesha ko amahoro yagarutse muri iyo kaminuza, bararekura abariyo ariko nta vyigwa vyahabaye uyu umunsi.