Umugwi wa Chapecoense wagize impanuka y'indege

Uwo mugwi wari ugiye gukina urukino rwa nyuma rwa Copa Sudamericana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwo mugwi wari ugiye gukina urukino rwa nyuma rwa Copa Sudamericana

Indege irimwo abantu 81 harimwo umugwi w’umupira w’amaguru yakorotse yegereje igisagara ca Medelin muri Colombia nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.

Nta do n’ido y’ingene vyagenze iramenyekana, ari hari inkuru zivuga ko hariho abarokotse,

Iyo ndege yari yakoteshejwe yava mu gihugu ca Bolivia, yari itwaye abakinyi b’umupira w’amaguru wa Chapecoense, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.

Uwo mugwi wategerezwa gukira mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Sudamericana n’umugwi wa Medellin, Atletico National.

Urukino rwa mbere rwo gukinira ico gikombe, kigira kabiri mu bihambaye bikinirwa n’imigwi yo muri Amerika y’epfo, rwari rutegekanijwe ku wa gatatu, ariko ubu rwahagaritswe.

Uwo mugwi wari uvuye mu gisagara ca Chapeco, wari waduze mu cicero ca mbere muri Brezil mu 2014, ukaba washitse mu gice ca nyuma mu ndwi iheze inyuma yo gukuramwo umugwi wa San Lorenzo wo muri Argentine.

Inkuru zivuga ko iyo ndege, yari itwaye abantu 72 hamwe n’abakozi b’indege 9, yaguye mu karere ko misozi mu micungararo y’igisagara inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro muri Colombia (05:00 GMT).

Umukuru w’igisagara ca Medellin, Federico Gutierrez, yavuze ko “ari akaga katagira uko kagereranywa”, ariko yongerako ko hari abarokotse.