Umuntu wa mbere akuze ku isi yahimbaje imyaka 117

Emma Morano ni we muntu wa mbere akuze akiri ku isi

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Emma Morano ni we muntu wa mbere akuze akiri ku isi

Igihe Emma Morano yavuka, umwami Umberto I ni we yaramutswa Ubutaliyano, imodoka yo mu bwoko bwa Fiat niho yari igitangura gukorwa, umurwi w'umupira w'amaguru "Milan Football Club wari umaze indwi nke utangujwe.

Morano, umwe mu bana umunani, yavutse itariki 29 ukwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka 1899.

Uno mwaka ni we mukenyezi wa mbere akiriho afise imyaka myinshi inyuma y'umunyamerika Susannah Mushatt Jones yapfuye mu kwezi kwa gatanu. Abaye kandi umuntu wa nyuma akibaho yavutse mu myaka yo 1800.

Amagi atetse mu mazi n'ibisuguti

Umukenyezi Morano avuga ko kuramba kwiwe kuva ubwa mbere ku koko-nyina yarashikanye imyaka 91, abigeme bavukana barashikana imyaka 100-ariko akavuga kandi ko yaramvye kubera ivyo afungura -amagi atatu ku munsi-abiri atetse mu mazi- mu myaka irenga 90. Ngo yafungura uko kuva akiri muto inyuma yaho muganga amubwiriye ko afise ingwara ya "anémie"iminsi mike inyuma y'ingwano y'isi yose ya mbere.

Muri ino minsi asigaye afungura amagi abiri ku munsi n'ibisuguti.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Emma Morano yabonye ivyanditswe ku buzima bwiwe

Umuganga amukurikirana avuga ko atisunga impanuro zitangwa ku bihanugwa ku bijanye n'amagara, niko Carlo Bava w'imyaka 27 yabwiye ikigo c'itangazamakuru AFP.

"Emma yamye afungura imboga nke, n'ivyamwa bike."

"Igihe duhura, yafungura amagi atatu ku munsi, abiri atetse mu mazi mu gitondo n'umurete sa sita, n'inkoko mw'ijoro."

Naho afungura ibiri ku rushi, umubonye, wokwibaza ko "atazopfa".

"Ndongora canke ndakwice"

Hari ikindi kintu catumye Morano aramba: kwirukana umugabo mu 1938, inyuma y'umwaka umwana wabo w'umuhungu yapfuye, afise amezi atandatu y'amavuko. Umubano n'umugabo ntiwigeze ugenda neza, nkuko Morano abivuga. Yari yakunze umuhungu yahavuye apfa mu ngwano ya mbere y'isi yose munyuma ntiyaba acipfuza kwubakana n'uwariwe wese. Yabwiye ikigo c'itangazamakuru La Stampa ashikanye imyaka 112 ko uwo mugabo bahavuye babana yamubwiye ati"Ni waba ufise amahirwe n'undongore canke ndakwice. Nari mfise imyaka 26 nca ndarongogwa."

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Doctor Carlo Bava, yafotowe ari kumwe na Morano igihe yigina amavuko

Naho yirukanye umugabo bagumye bafatwa nk'abubakanye gushika igihe apfiriye mu 1978. Morano yakoze gushika ku myaka 75, yahisemwo kudasubira kurongogwa.

"Sinipfuza gusubira kuganzwa n'umuntu numwe", niko yabwiye ikigo c'itangazamakuru New York Times.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Morano yafotowe ari inyuma ya "gateau" na "bougies" zerekana imyaka 117 yaramaze igihe yayigina

Umupfasoni Morano ntaziyerekana ku mugaragaro bitewe nuko amaze imyaka 20 atava mu nzu abamwo y'igorofa ifise ivyumba bibiri. Ikizwi ni uko hari abantu benshi baja kumukeza kuri uno munsi. Muri bo uwutaza guhara akaba ari Bava, we yabwiye ikigo c'itangazamakuru AFP ati: "Umunsi Emma azopfa, abantu bazobimbaza."