Sena ya Colombia yemeje amasezerano mashasha na FARC

Ahavuye isanamu, AFP
Uwushigikiye ayo masezerano ahagaze imbere y'inama nshingamateka afise icapa canditseko "Dushaka amahoro"
Inama nkenguzamateka ya Colombia yemeje amasezerano mashasha hagati ya reta n’umugwi munini cane w’abagwanyi ba FARC.
Amasezerano ya mbere yariyamirijwe mu matora ya kamarampaka mu kwezi guheze.
Prezida Juan Manuel Santos yavuze ko ayo maseerano mashasha akomeye cane kandi arimwo n’ivyo abagwanije aya mbere bipfuza.
Abatayerekwa barongowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Alvaro Uribe, bavuga ko ayo masezerano mashasha n’ubu aguma yorohereza abategetsi FARC.
Ayo masezerano mashasha ubu aca arungikwa mu nama nshingamateka kugira yemezwe.
Ayo masezerano y’amahoro afise intumbero yo kurangiza intambara yahitanye ubuzima bw’abantu 260.000 mu myaka mirongo itanu.
Izo mpande zibiri zashitse ku masezerano mu ntango z’uyu mwaka, inyuma y’imyaka ine y’ibiganiro vyabereye I Havane ku mugwa mukuru wa Cuba.
Imbere y’uko batangura ibikorwa vyabo, abakenguzamateka bamaze umunota mu gacerere bibuka abahitanywe n’isanganya y’indege hagufi y’igisagara ca Medellin ku musi wa mbere.