Colombia n'umuhari wa FARC bumvikanye ku masezerano

Ahavuye isanamu, EPA
Imyiyerekano y'abashigikira n'abatemera amasezerano y'amahoro iruhande y'inyubakwa ya "Congrès" i Bogota
Iyo nama yemeje ayo masezerano umunsi umwe ahitishijwe n'inama nkenguzamateka naho abo mu mirwi itavuga rumwe na reta bayagwanya.
Uwo mwumvikano ugiye kurangiza ingwano yarimaze guhitana abantu barenga 260,000 mu myaka irenga 50.
Amasezerano ya mbere ntiyashoboye kwemezwa n'amatora kamarampaka, ariko ayasubiwemwo ntiyarakeneye gusubizwa mu matora y'abanyagihugu.
Prezida Juan Manuel Santos yarakeje ico yise "landmark backing", umushinge utazibagirwa, ugiye kubera intango ibihumbi vy'abagwanyi b'aba Farc batangura kuva mw'ishamba bagashira hasi ibigwanisho.
Izo nyeshamba zigiye kuja mu bibanza vy'agateganyo amezi atandatu, zisubize ibigwanisho hanyuma zishinge umugambwe wazo. Igisirikare c'igihugu kizoca kija mu karere kagenzurwa n'aba Farc kugira ngw'imigwi ikora urudandazwa rw'ibiyovyabwenge ntihigarurire.
Ahavuye isanamu, Reuters
Inyeshamba za "Forces Armées Révolutionnaires Colombiennes" (FARC) hafi ya San Vicente de Caguan mu ntara ya Caqueta muri Colombie
Imirwi yo ku mpande zose yashitse ku masezerano mu ntango y'uno mwaka imaze imyaka ine mu biganiro vyabereye ku murwa mukuru wa Cuba, La Havanne.
Amatora y'abanyagihugu yabuzemwo amajwi make ngo yemeze ayo masezerano igihe atunganijwe mu kwezi kwa cumi.
Abayagwanya bavuga kwarimwo vyinshi vyorohereza Farc nko kugirira ikigongwe ku bagize ubwicanyi igihe c'indyane.
Igihe reta n'izo nyeshamba baboneye ko abanyagihugu batayemeje, baciye baja mu vyo kuyasubiramwo.
Prezida Santos avuga ko amasezerano mashasha akomeye kurusha ayambere kandi ko arimwo vyinshi abayagwanije bari basavye ko vyosubirwamwo.
Uwubarongoye Alvaro Uribe yigeze kurongora igihugu yavuze ko ayo masezerano aha ikigongwe kirenze urugero abakuru ba Farc.