Colombia: Indege yakorotse kubera ibura ry'igitoro

Abakunzi b'umupira w'amaguru bakoraniye ku kibuga ca Atletico Nacional i Medellin ku mugoroba hari kuberako urwo rukino.

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Abakunzi b'umupira w'amaguru bakoraniye ku kibuga ca Atletico Nacional i Medellin ku mugoroba hari kuberako urwo rukino.

Abategetsi ba Colombia bavuga ko hari ibimenyetso bigaragara ko indege yari itwaye umugwi w’umupira w’amaguru wa Brezil yari ibuze igitoro ikaba yariko iragerageza kugwa.

Uwuraba ivyo indege Alfredo Bocanegra yavuze ko amatohoza ya mbere yerekana ko iyo ndege “itari ifise igitoro igihe yakoroka”.

Bisa n’ivyari vyamenyekanye ko ijwi ry’umudereva ryumvikana asaba uruhusha rwo kugwa kubera ibibazo vy’amatara n’ibura ry’igitoro.

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Benshi mu bakunzi ba Chapecoense bari mu marira ku kibuga cabo ca Chapeco, muri Brezil

Abantu batandatu gusa kuri 77 bari muri iyo ndege ni bo barokotse.