EFL: Man United bazohura na Hull, Liverpool bakine na Southampton

Southamton yakuyemwo Arsenal ku bitego 2-1
Image caption Southamton yakuyemwo Arsenal ku bitego 2-1

Umugwi wa Manchester United uzokina na Hull City mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'Ubwongereza, mu gihe Liverpool bazoba bariko baratana mu mitwe na Southampton.

Man United yakuyemwo West Ham ku bitego 4-1 mu gice ca kane gishira ica nyuma bazokina urukino rwa mbere na Hull City ku kibuga ca Old Trafford.

Southampton yakuyemwo Arsenal ku bitego 2-1 izotana mu mitwe na Liverpool ku musi wa gatau ku kibuga ca St Mary imbere y'uko haba urukino rwo gusubiza ruzobera ku kibuga ca Anfield.

Izo nkino zikazoba ku matariki ya 9 na 23 mu kwezi kwa mbere 2017.

Liverpool imaze gutwara ico gikombe incuro zine, bakaba barakinye n'urukino rwa nyuma mu 2016, batsinze Leeeds United ku musi wa kabiri.

Hull yashitse mu rukino rwa nyuma rwa FA mu mwaka wa 2014, vyasabwe ko batera penalite kugira bakuremwo Newcstle ku musi wa kabiri.