Igerageza ry'urucanco rwa SIDA

Afrika y'epfo ifise miliyoni 7 z'abanduye umugera wa SIDA
Insiguro y'isanamu,

Afrika y'epfo ihanganye no guca burundu ubwandu bw'umugera wa SIDA

Igerageza ku rucanco rukinga umugera wa SIDA riteganya gukoresha abantu bagera ku 5400 b'abasore n'inkumi muri Afrika y'epfo.

Muri Afrika y'epfo, abagera ku miliyoni indwi bagendana umugera wa SIDA, ni nayo mpamvu igerageza ry'urwo rucanco ryakorewe yo.

Abahinga bavuga ko urwo rucanco ruzoba rubaye ikigwanisho ca nyuma co gutsinda burundu umugera wa VIH.

Urucanco ruriko rurageragezwa rushingiye ku gwakoreshejwe muri Thailand mu 2009, rwakoze ku rugero rwa 30%.

Ibizova muri iryo gerageza ryo muri Afrika y'epfo vyitezwe gushigwa ahabona mu myaka ine iri imbere.

Kuva umugera wa VIH rushizwe ahagaragara mu 1983, vyarananiranye gurora urucanco ruyikinga neza.

Abashakasahatsi bizeye ko ibura ry'urucanco rizoherana n'iri gerageza ryo muri Afrika y'epfo, ryahawe izina rifobetse rya HVTN 702.

Ubwo bushakashatsi burongowe n'umunya Afrika y'epfo Glenda Gray, umwigisha muri kaminuza akaba akuriye n'ikigo c'ubushakashatsi mu buvuzi.

Avuga ko iryo gerageza rizobereka nimba ibimenyetso vyagarageye ku rugero rwo hasi vyerekana ko ugwo rucanco rushobora gukora mu gukinga ubwandu bwa SIDA, noneho vyemezwa, rugatangura gufasha abanyagihgu ba Afrika y'epfo.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

SIDA itwara abakiri bato benshi muri Afrika

Ibiharuro bitangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyerekana ko abantu bagera ku miliyoni 30 bamaze guhitanwa na SIDA kuva mu myaka ya 1980.

Imiti imaze kuboneka yo gupfupfahaza iyo ngwara yarafashije cane abamaze kwandura.

Ariko urukingo ruhari ubu rwo kwirinda kwandurira mu mibonano mpuzabitsina, n'ukwifata hamwe no gukoresha agakingirizo

Kwandika amateka

Abemeye kuja muri iri gerageza bazotegwa inshinge zitanu mu mwaka, nk' uko bivugwa n'ikigo c'inyigisho mu vyo amagara y'abantu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika, ari naco gitanga uburyo.

Awethu Benenengu, umusore umwe w'imyaka mu bari muri rino gerageza, yabwiye umunyamakuru wa BBC ari Johannesburg ko yemeye kurijamwo kuko yifuza gufasha kurwanya ivo kiza.

Avuga ko ahri ikumira rikomeye. Ngo yifuza kuba mu runganwe ruzohindura ivyo kandi yifuza ko abana biwe bazonerezwa no kwumva ko se yagiye mu gitigiri c'abanditse amateka.

Abazoramuka banduye SIDA muri iri gerageza bazorungikwa um mavuriro abafasha akongera akabavura.

Bazokwigishwa kandi uko bokwigenza kugira ntibanzuze abandi.