Sudani y'epfo ku manga y'ihonyabwoko

Sudani y'epfo yugarijwe n'intambara kuva 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Benshi baracarondera kumenya nimba ababo bakiriho canke barapfuye

Yasmin Sooka, akuriye ikigo ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu muri Sudani y'epfo, aragabisha amakungu ko akwiye kugira ico akoze vuba mu kurinda ihonyabwoko nk'iryabaye mu Rwanda.

Ikigo c'agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe ONU kimenyesha ko ukwo kwizizira ubwok bumwe guca mu kubicisha inzara, guturira imihana, gufata abantu ku nguvu gukogwa n'ikigwi c'abantu, ivyo avuga ko bisigaye vyabaye nk'ibisanzwe kuko bikorwa buri gihe.

Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir arahakana yivuye inyuma ivyo birego vyose.

Sudani y'epfo yiziziwe n'intambara kuva mu 2013, inyuma imyaka ibiri gusa ico gihugu kironse intahe yo kwikukira.