Trump yagenye Gen James 'Mad Dog' mu bushikiranganji

Gen James Mattis yarisiguye imbere y'akanama ka senat i Washington DC itariki 18 z'ukwezi kw'icenda mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gen James Mattis azwi nk'umunru atarya umunwa.

Prezida aheruka gutorwa wa Amerika, Donald Trump, yagenye Gen James Mattis, yigeze gukorera muri Irak na Afghanistan nk'umushikiranganji wiwe ajejwe kwivuna abansi.

"Ntawumuruta mubo dufise," ni Trump yavuze igihe yamenyesha ko yamugenye mw'ijambo yashikiririje i Ohio.

Gen Mattis, azwi kw'izina rya "Mad Dog" yari umuntu atarya umunwa mu kunebagura politike ya Obama mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati, na cane cane kuri Iran.

Yavuze ko Iran isa n'uko " ari yo kibazo gikomeye kibuza amahoro n'umutekano mu burasirazuba bwo hagati".

Igenwa ry'uwo mu gen yarimenyeshereje i Cincinnati, mu gihe hatangura urugendo rwiswe "USA Thank You Tour 2016"

"Tugiye kugena "Mad Dog" Mattis nk'umushikiranganji wacu wo kwivuna abansi," ni ko yabwiye isinzi ryabantu.

"Bavuga ko afise basana na Gen George Patton (yari arongoye ingabo mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose).