Imodoka zinywa mazutu ziriyamirizwa i Buraya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imodoka zinywa amazutu zigiye guhagarikwa gukoreshwa mu bisagara vyinshi vya Buraya
Abakuru b'ibisagara bine binini kw'isi bavuze ko bagiye guhagarika imodoka n'amakamyo akoresha amazutu muri ivyo bisagara gushika mu mwaka wa 2025.
Abakuru b'ibisagara vya Paris, Mexico City , Madrid na Athenes bavuze ko bashaka ko bagira uko bashoboye ngo habe akayaga keza.
Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS riharura ko abantu imiliyoni zitatu bapfa buri mwaka kubera umuyaga mubi kw'isi.
Ivyo abo bakuru b'ibisagara mw'ikoraniro mpuzamakungu ryabereye i Mexico.
Abahinga muvyo amagara y'abantu bavuga ko umwotsi w'imodoka zikoresha amazutu winjira mu mahaha bigatuma umuntu agwara zo guhema nabi n'umutima.
Abo bakuru b'ibisagara bavuga ko bagiye kuzana imodoka zikoreshwa umuyagankuba.