Prezida yatowe yishimiye Gambia nshasha

Ahavuye isanamu, AFP
Abashigikiye Adama Barrow barihereje amabarabara mu munezero inyuma y'aho ivyavuye mu matora bimenyesherejwe.
Prezida mushasha wa Gambia, Adama Barrow yamenyesheje ko intsinzi itangaje yaronse itanga umwizero mushasha muri Gamabia.
Yahya Jammeh yari amasze imyaka 22 atwaza igikenye igihugu ca Gambia, yaramenyesheje ko azokinjura.
"Nzomufasha gutwara mu kiringo mfatakibanza," ni ko Jammeh yavuze ku mboneshakure ku musi wa gatanu ku mugoroba, inyuma yo kuvugana na prezida prezida yari ahejeje gutorwa kuri telefone.
Barrow w'imyaka 51, atari bwakore na rimwe umurimo wa politike, yatsinze amatora ku bice 45.5% vy'amajwi.
Abanye Gambia amajana n'amajana bihereje amabarabara bigina intsinzi itari bwigere iboneka mu bihugu vyo mu karere ko mu burengero bwa Afrika.
Prezida Jammeh na we nyene w'imyaka 51 yagiye ku butegetsi atembagaje intwaro mu 1994, akaba kuva ico gihe yaciye atangura intwaro y'umukazo.
Prezida Jammeh yaronse 36.7% mu gihe uwugira gatatu yaronse 17.8%.
Umumenyeshamakuru wa BBC, Umaru Fofana, yavuganye na Barrow, yavuze ko yatangajwe n'amajwi yaronse.
Prezida Jammeh yakeje uwo mugabo akora mu bwubatsi kandi yiyemeza kudaharira kuvyayavuyemwo.
Adama Barrow ni nde?
Ahavuye isanamu, AFP
"Ndanezerewe caane. Ndahimbawe no kuba twatsinze aya matora kandi kuva ubu, icizere kiratanguye." ni Barrow yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Umaru Fofana, yongerako ko atanezerejwe gusa ko atatsinze n'amajwi menshi.
Barrow yavutse mu 1965 hagufi y'isoko ryo mu gisagara ca Basse mu buseruko, yagiye kuba i Londres mu myaka ya 2000 aho bivugwa ko yakoze nk'uwujejwe umutekano mu mangazini ya Argos.
Yasubiye muri Gambia mu 2006 gutanguza kompanyi yiwe y'ubwubatsi, n'ubu yari akirongoye.
Barrow arongoye urunani rw'imigambwe indwi itavuga rumwe na reta, yiyemeje gusubiza itoto ubutunzi, gushiraho ibiringo bibiri vy'umukuru w'igihugu hamwe n'ikiringo mfatakibanza c'imyaka itatu.