Trump yifatiye mu gahanga Ubushinwa kuri Twitter

Donald Trump- Prezida aheruka gutorwa wa Amerika

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump- Prezida aheruka gutorwa wa Amerika

Prezida aheruka gutorwa Donald Trump yanditse ubutumwa kuri Twitter yiwe anebagura Ubushinwa kw'ifaranga ry'ico gihugu hamwe n'ibikorwa burimwo mw'ibahari 'South China Sea'.

"Ubushinwa buraduhanura mu gihe bubandanya kugabanya agaciro k'ifaranga ryabwo no kwuba ikambi ya gisirikare muri mw'ibahari ya South China Sea? Sinibaza ko ari vyo bakoze". ni ko ubutumwa bwa Trump buvuga kuri Twitter.

Mu ndwi iheze, Trump yaratumye haba uguterana amajambo n'Ubushinwa inyuma y'aho bavuganiye na prezida wa Taiwan.

Ivyo vyatumye Ubushinwa bwidogera Amerika.

Amerika yanebaguye Ubushinwa kugabanya agaciro k'ifaranga ryabo rya Yuan, bavuga ko iyo ngingo yororhereza Ubushinwa muvyo bugurira hanze.

Amerika kandi yasavye Ubushinwa kutigarurira amazinga arimwo amatati y'ibihugu bibanyi mw'ibahari ya 'South China Sea'.

Amerika yararungitse ubwato bwayo muri ako karere, izo mpande zibiri zikaba zagirizwa gushaka kuhuzuza abasirikare.

Ubushinwa buvuga ko bukurikiza ineza y'abanyagihugu.

Ubu Amerika yashizeho amakori ku bintu bimwe bimwe biva mu Bushinwa harimwo n'ivyuma.

Donald Trump yavuze ko azosiraho amakori y'ibice 45 kw'ijana ku bintu vyose biva mu bUSHINWA.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump na prezida wa Taiwan Tsai Ing-wen bavuganye kuri telefone

Ikiganiro co kw'itelefone hagati ya Donald Trump na prezida wa Taiwan Tsai Ing-wen ni ica mbere kigizwe n'umutegetsi wa Amerika hamwe n'ubutegetsi bwa Taiwan kuva mu 1979, aho imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri yahagarikwa.

Taiwan ivuga ko ari igihugu cikukiye, ariko ubutegetsi bw'Ubushinwa buvuga ko ari imwe mu ntara yabo.

Ubushinwa mbere bwaratangaje ko buzokoresha inguvu za gisirikare mu gihe Taiwan yotangaza ko yikukiye.