Abafise ingwara zo mu mutwe batorotse ibitaro muri Kenya

Akazi mu bitaro vya reta ntikakozwe
Abagwayi benshi bafise ingorane zo mu mutwe batorotse ibitaro bikomeye vya Mathari bivura mwene izo ngwara, biri mu gisagara ca Nairobi mu gihugu ca Kenya.
Inkuru zitangwa n'ibimenyeshamakuru bitandukanye zivuga ko bishoboka ko abo bagwayi bikitse mu kiza mu gutoroka kuko abakozi bo kuri ivyo bitaro bahagaritse akazi.
Igipolisi kiriko kirarondera abo bagwayi batorotse.
Ikinyamakuru ca Nation kivuga ko abatorotse bashika 50 mu gihe The Standard co candika ko bashika ijana.
Abaganga n'abaforoma bahagaritse akazi hose muri Kenya basaba reta kubariha amahera yemeye kubongera ku mishahara hamwe n'utundi turusho mu masezereno yashizweko umukono mu kwezi kwa gatandatu 2013.
Uko kutumvikana vyagize ingaruka mbi ku bitaro vyose vya reta harimwo ibitaro vya Kenyetta na Moi mu gisagara ca Eldoret.
Abakozi bakuru bakuru mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu bagize inama yihuta ku musi w'Imana bagerageza guhagarika iyo yegereyegere ariko nta co bashitseko.