Uwahoze mu gisoda ari umwana ashobora kuronka agashimwe muri Australia

  • By Phil Mercer
  • BBC News, Sydney

Ku musi wahariwe Australia, mu mpera z'ukwezi kwa mbere, ico gihugu kirashimira abagize ico bashikako ku gatwe kabo, intwari hamwe n'ababona kure.

Abari ku rutonde rw'abazoronka agashimwe, hariho umuganga avura ingwara y'uruti rw'umugongo, umukinyi wa Rugby yakukurutse hamwe rero n'umugwizatunga yimba ubutare.

Ariko kandi uwuri ku rutonde rw'abazoronka agashimwe gakomeye cane n'uwahoze ari umusirikare w'umwana, yashitse muri ico gihugu afise imyaka 14 atarahonyora mw'ishuri.

Deng Adult ni umushingwamanza aburanira abakoze ubwicanyi i Sydney akaba ari mu bazoronka agashimwe ka NSW (New South Wales) k'umwaka wa 2017 kubera ibikorwa akorera abimukira b'abanye Afrika.

"Deng akora ibintu bituma igihugu cacu kiba igihangange kandi yarashoboye gufasha ibihumbi n'ibihumbi vy'abanye Sudani baba ngaha kumenya ingene Australia imeze," uko ni ko Mike Baird yavuze.

Ubuzima ba Deng ni nka cinema y'i Hollywood - yanyurujwe ku nguvu ari umwana, ajanwa mu gisirikare ku nguvu, araraswa ku gisusu, hanyuma atoroka arinze kurira kw'ikamyo. Uavukiye i Malek, mu kigwati gitoyi gitunzwe n'uburovyi. Se wiwe yari umurovyi, umuryango wiwe ukaba wari utunzwe n'uburimyi bw'ibitoke.

"Ibihe banyuruza nari mfise imyaka 6," ni ko avuga

"Natanguye akazi mpejeje imyimenyerezo ya gisirikare mfise imyaka 9.

"Natunze inkoho ya mbere ya AK47 mfise imyaka icenda, yari nziza cane uko nayibona ndi umwana. Cari nk'igikinisho."

"Nari umwana ari mu gisirikare, nategerezwa kwica canke bakanyica."

Ubwo buzima budasanzwe bwa Deng buherutse gushirwa mu gitabo, Songs of A War Boy, yanditse afatanije na mugenzi we Ben McKelvey.