Chapecoense bahawe igikombe ca Copa Sudamericana

. Abakunzi b'uwo mugwi n'imiryango y'abakinyi bapfiriye muri iyo mpanuka y'indege.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abakunzi b'uwo mugwi n'imiryango y'abakinyi bapfiriye muri iyo mpanuka y'indege.

Umugwi wa Chapecoense wo mu gihugu ca Brezil uheruka kubura abakinyi 19 hamwe n'abandi bakozi mu mpanuka y'indege bagiye gukina urukino rwa nyuma rwa rw'igikombe ca Copa Sudamericana,wagitsindiye.

Iyo ngingo yafashwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Amerika y'apfo, Conmebol bisabwe n'umugwi bari guhura.

Abantu 71 harimwo abakinyi 19 n'abandi bakozi b'uwo mugwi bapfuye ku musi wa mberebariko bagana Colombia mu rukino rwa mbere mu gice ca nyuma ca Copa Sudamericana.

Umugwi bari gukina wo muri Atletico Nacional, wasavye ko Chapecoense bohabwa ico gikombe, bahawe agashimwe ko gukina mu muco kugira berekane "Umutima w'abo w'amahoro, gutegera no gukina mu mategeko".

Chapecoense kandi bazotahukana amadolali imiliyoni 2 ahabwa abatahukanye intsinzi.

Atletico Nacional bazoronka umuliyoni umwe w'amadolali.

Icegera c'uwurongoye umugwi wa Chapecoense yashimagije iyo ngingo avuga ko ari iyo "ukuri", ariko aravugana n'abamenyeshamakuru ku musi wa mbere.

"Turizera ko 'chape' yari gutsinda. Ni icubahiro gikomeye."

Abakinyi batatu ba Chapecoense bari muri batandatu barusimvye.

Amatohoza mu catumye haba iyo mpanuka arabandanya ariko ijwi ryumvikanye ryafashwe n'ivyuma vy'iyo ndege ryatumye hibazwa ko yabuze igitoro imbere y'uko igwa haguf y'igisagara ca Medellin.

Ahavuye isanamu, DOUGLAS MAGNO

Insiguro y'isanamu,

Imigwi myinshi muri Brezil yemereye abakinyi umugwi wa Chapecoense

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Igisagara ca Chapeco mu gihugu ca Brezil warateguye amaziko inyuma y'aho amasandugu arimwo ibiziga vy'abapfuye ashikaniwe muhira apfutswe n'amabendera y'uwo mugwi.

Abantu 13.000 baramaze gusaba kwinjira muri uwo mugwi mu misi ibiri gusa.

Imigwi y'umupira w'amaguru kw'isi, harimwo iyo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, yunamiye abakinyi bitavye Imana mu nkino zakinywe mu moera z'iyinga.

Imigwi iri mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya imbere i wabo, hamwe n'iyiri mw'ihiganwa rya Europa Ligue, na yo nyene iraza kumara umunota mu gacerere mu kwibuka abo bakinyi imbere y'uko inkino zitangura.

Imigwi ikomeye muri Brezil yemeye guha Chapecoense abakinyi kw'ideni ata co irishe, kandi basabiye uwo mugwi kuwukingira kugira ntuzomanurwe mu cicaro ca kabiri mu kiringo c'imyaka itanu.

Vyari vyitezwe ko Chapecoense bakina urukino rwabo rwa nyuma mw'ihiganwa ryo muri Brezil ku musi wa mungu itariki 11 z'ukwezi kwa cumi na kabiri ariko urwo rukino ntiruzoba.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abakinyi benshi ba Chapecoense barapfuye co kimwe n'abamenyeshamakuru 20 bari kumwe

Nk'abatahukanye igikombe ca Sudamericana, Chapecoense bazoca bakinira igikombe ca Copa Libertadores, inkino z'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Amerika y'epfo zisa n'izo imigwi yabaye iya imbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

ivyo bisigura ko Chapecoense bazohura na Atletico Nacional , baheruka gutwara ico gikombe ca Copa Libertadores, mu nkino zibiri mu mwaka uza.

Umukinyi wa kera wa Brezil na Barcelone, Ronaldinho hamwe n'umukinyi rurangiranwa wa Argentine, Juan Roman Riquelime bivugwa ko biyemeje gukinira uwo mugwi ku gushaka kwabo.

Umukinyi wa kera wa Barcelone, Eidur Gudjohnsen na we nyene yiteguriye gukinira uwo mugwi.

Brezil bazokina na Colombia urukino rwa kivandimwe mu mpera z'ukwezi kwa mbere, mu ntumbero yo kwegeranya imfashanyo yo kugarukira ku bakozweko n'iyo mpanuka.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Isandugu imwe irimwo ikiziga c'umwe mu bazize impanuka y'indege iriko irinjizwa ku kibuga yikorewe n'abasirikare ba Brezil