RD Congo: Ubwicanyi bushingiye ku koko bwahitanye 31

Ikarata ya RD Congo
Ubutegetsi bwa Congo bwamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwo muri Kasai ya hagati bwaturutse ku mpari hagati y'umugabo n'umuhungwabo bapfa izina ryohabwa umukuru w'umutumba.
Icegera ca Bulamatari Hubert Mbingho N'Vula yavuze ko abantu 13 mu bajejwe umutekano bari barungitswe guhagarika izo ndyane bari mu bishwe. Abagwanyi 18 nabo nyene ngo barapfuye, niko yavuze.
N'Vula yavuze ko umutekano wamaze kugarukanwa muri ako gace be n'iruhande y'igisagara ca Tshikapa, intara iri mu gihugu hagati.
RD Congo irahanzwe n'ubwicanyi bukunze kwiyadukiza hagati y'imirwi igwanira amoko yayo.
Bino bikomeye inyuma yaho amatora y'umukuru w'igihugu yategerezwa kuba imbere y'impera y'umwaka yungururijwe.