Leta ya Syria ibandanije kunesha abayirwanya i Aleppo

Igisirikare ca Syria ubu kigenzura 70% vy'akarere kahora mu minwe y'abarwanya leta

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igisirikare ca Syria ubu kigenzura 70% vy'akarere kahora mu minwe y'abarwanya leta

Abasirikare ba Syria bivugwa ko bigaruriye ikindi gice kinini mu ntambara barimwo n'abarwanya leta mu muji wa Aleppo uri mu buseruko.

Ikigo kirereka ibijanye n'agateka ka zina muntu muri Syria gifise icicaro mu Bwongereza, cavuze ko abasirikare ba leta bafashe uturere dutanu, harimwo ikigwati gikomeye ca Al-Shaar.

Igisirikare ubu kigenzura hafi ya mirongo indwi kw'ijana vy'ubuseruko bwa Aleppo, ahantu hahora hafatwa nk'icibare c'abarwanyi bahanganye na leta.

Mu gihe ibihumbi vy'abanyagihugu bahungiye mu gice kigenzurwa na leta, abandi benshi bari mu buzima bugoye cane mu duce duto tukigenzurwa n'abarwanya leta.