Nyamugigima yahitanye benshi muri Indonesia

Umusigiti wabomotse mu karere ka Pidie, Indonesia

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Inzu nyinshi harimwo imisigiti zabomotse

Nyamugigima ikomeye yishe abantu 24 yonona n'ibintu vyinshi mu ntara ya Aceh mu gihugu ca Indonesia.

Abategetsi bavuga ko abantu benshi baguweko n'ibihome vy'inzu zabomotse.

Iyo nyamugigima ifise ibipimo vya Richter 6.4 yadutse hagufi y'igisagara ca Sigli mw'izinga rya Sumatra, aho amazu menshi yabomaguritse.

Ikigo kijejwe kugenzura ikirere muri Indonesia kivuga ko ata bwoba ko hashobora kuza igihuhusi.

Mu mwaka wa 2004, intara ya Aceh yarononekaye cane bivuye ku gihuhusi catewe na nyamugigima nini.

Abantu 120.000 ni bo bahasize ubuzima muri iyo ntara.

Ikigo kijejwe ubutaka muri Amerika kivuga ko iyo nyamugigima yadutse mu gihe ca 11:03 mu gitondo muri Indonesia (22:03 GMT) ku musi wa kabiri ku birometero 17.2 uja mu kuzimu.

Said Mulyadi, icegera c'uwurongoye akarere ka Pidie Jaya, kakozweko cane n'ico kinyamugigima, yabwiye igisata ca BBC muri Indonesia ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.

Abategetsi bavuga ko bishoboka ko hataduka igihuhusi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abategetsi bavuga ko bishoboka ko hataduka igihuhusi

Ikarata ya Indonesia
Ibisigarira vy'inzu mu karere ka Aceh itariki 7 ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe gutabara bariko bararondera abarokotse

Ibisigarira vy'inzu mu karere ka Pidie, Indonesia Sumatra,itariki 7 ukwezi kwa 12, 2016.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abategetsi batinya ko abapfuye bashobora kwongerekana kuko hari abaguweko n'ibisigarira vy'amazu