Assad: Intsinzi mu gisagara ca Alep ni intambwe ikomeye

Assad yavuze ko iterabwoba riri hose kw'isi

Ahavuye isanamu, REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Assad yavuze ko iterabwoba riri hose kw'isi

Prezida Bashar al-Assad avuga ko intsinzi muri Alep ari intambwe ikomeye igana kurangiza intambara ibera muri Syria.

Abasirikare biwe hamwe n’abamushigikiye, barahinduye vyinshi muri ico gisagara, ubu bakaba bariko baramaririza ibisigarira vy’abagwanyi bari basigaye muri ako karere.

Abarongoye ibihugu vya Buraya, Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa n’Ubudagi, basavye ko intambara yohagarara ikitaraganya.

Bavuga ko ibibazo vy’abantu hamwe n’amafoto y’abana bapfuye baguma babona, aca ivutu.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu bariko barahunga ubuseruko bwa Alep

Bagirije reta ya Syria n’Uburusiya ko babuza ko imfashanyo zishikira abanyagihugu.