Umudereva w'indege yakorotse muri Pakistan yari yatabaje

Ahavuye isanamu, EPA
Indege PK-661 yariko irava Chitral igana i Islamabad
Umudereva w’indege yakorokeye muri Pakistan yaratabaje imbere y’uko iburigwa irengero, nk’uko bivugwa n’iyo kompanyi y’indege muri Pakistan.
Yabwiye abaraba ivyo indege ko imoteri ifise ingorane isaha 16:09 zo muri Pakistan (11:09 GMT) ku musi wa gatatu, nk’uko umukuru wa ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyo indege muri Pkistan (PIA), Muhammad Azam Saigol yabibwiye abamenyeshamakuru.
Abantu bose 47 bari muri iyo ndege yari igiye I Islamabad bapfuye.
Amatohoza arabandanya, kandi ko atakigaragaza ko habaye ingorane z’ubuhinga.
“Nashaka kuvuga nshimitse ko yari indege imeze neza,” uko ni ko Saigol yavuze.
“Nibaza ko hatabaye ingorane y’ubuhinga canke itewe n’umuntu”.
Ahavuye isanamu, AFP
Ibiziga vy'ahabasize ubuzima vyajanywe mubitaro
Agasandugu gafata amajwi mu ndege kabonetse.
Abategetsi ba Pakistan bavuga ko baza kwibanda cane kuri ico kibazo c’imoteri mu matohoza barimwo.
Isfan Elahi, wo mw’ishirahamwe ry’abatwara indege muri Pakistan, yabwiye ikinyamakuru ca Dawn: “Muri kino gihe, nta kindi kintu coba catumye iyo ndege igira isanganya uretse ikibazo c’imoteri y’I bubamfu.
Iyo ndege yakorokeye mu karere ka Havelian mu ntara ya Khyber-Pakhtunkhwa, ku birometero 70 uvuye I Islamabad.
Igipolisi kivuga ko ibisigarira vy’imibiri vy’abari bayirimwo vyajanywe mu bitaro kugira bapimwe ADN gutyo bamenye umwe wese uwo ari we.
Uwahoze ari umuririmvyi wa Pop rurangiranwa, ubu yari asigaye ari umwigisha w’idini rya Islam, Junaid Jamshed, yari muri iyo ndege, hamwe n’abandi banyamahanga batatu – abanye Autriche babiri hamwe n’umushinwa umwe.
Hari agashavu mu miryango y’ababuze ababo, bari bakoraniye ku bitaro baje gutwara ibiziga vyabo.
Ghulam Rasool Khan yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AP :”Ubu n’ubwicanyi kandi nkeneye kumenya uwanyiciye mwenewacu.”
Impanuka z’indege zama zabaye muri Pakistan, ariko impanuka ikomeye yaheruka y’indege ya PIA yabaye mu 2006, yahitanye abantu 44.