Marine Le Pen: Nta mashuli ya gusa ku banyamahanga

Ahavuye isanamu, AFP
Marine Le Pen yitezwe kugera kure mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije mu kwezi kwa gatanu mu Bufaransa
Umugore atsimbatara cane ku vyiyumviro vya kera Marine Le Pen ategekanya kwitoza mu matora yo mu 2017 yavuze ko ataco apfa n'abanyamahanga.
"Ariko nagira ndababwire: uje mu gihugu cacu ntiwibaze ko hari uwuzokwitwararika, canke ngo wibaze ko abana bawe baziga batarishe amahera,"niko yavuze.
"Igihe co gufyina caheze,"niko yongeye avuga.
Umukenyezi Le Pen yitezwe na benshi kuba umwe mu kandida babiri bazohiganigwa amatora yo mu kwezi kwa gatanu.
Ni nde azoba prezida w'Ubufaransa mu 2017?
Itohoza rya nyuma riheruka gukorwa mu banyagihugu ryerekana ko agenda abangabanganywe n'umukandida Francois Fillon aheruka gutorwa mu matora y'ijonjora mu kwezi kwa cumi na rimwe. Ariko igihe hoba hageze guhitamwo umuntu umwe, bibiri vya gatatu ngo vyohitamwo gutora Fillon kuri Le Pen.
Kuva aho Marine Le Pen asubiriye se mu burongozi bw'umugambwe Front National mu mezi atandatu aheze, yaragerageje guhindura isura y'umugambwe wafatwa nk'uwo ivyiyumviro bikaze cane yigarurira abanywanyi.
Uwo mugambwe ukorera cane kuri politike yo kugabanya abimukira no kwirukana abadafise ivya ngombwa, no kuva mu murwi w'ibihugu vya Buraya.