Umupfasoni w'ibiro 500 azojanwa mu Buhinde kubagwa

Ahavuye isanamu, Eman Ahmed Abd El AtyCourtesy: Dr Muffazal Lakdawa
Umuryango w'umupfasoni Abd El Aty atarava mu nzu mu myaka 25.
Umupfasoni umwe wo mu Misri ashobora kuba ari we wa mbere munini kw'isi n'ibiro 500, ubu vuba azojanwa kubagwa mu Buhinde kugira bamugabanye ibiro.
Eman Ahmed Abd El Aty w'imyaka 36, azotwarwa n'indege yakoteshejwe mu gisagara ca Mumbai, aho umuganga Muffazal Lakdawala ategekanya kumubaga.
Ibiro vy'uwuserukira Ubuhinde i Cairo vyari vyamwimye uruhusha rwo kuja muri ico gihugu kubera ko adashoboraa kwishikira muri ivyo biro ubwiwe.
Ivyo vyaratorewe inyishu inyuma y'aho umuganga wo mu gisagara ca Mumbai yandikiriye ikete ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ubuhinde abicishije ku rubuga rwa Twitter.
Umuryango wa Abd El Aty uvuga ko atarigera ava mu nzu mu kiringo c'imyaka 25.
Mu gihe ibiro bivugwa afise vyoba ari vyo, azoba abaye umuntu wa mbere kw'isi akiriho aremereye kuko uwahora ari uwa mbere mu gitabo ca Guinness ni Pauline Potterraia gushika ubu.
Yari afise ibiro 292 mu mwaka 2010.