Prezida wa Korea y'epfo yahagaritswe mu mabanga yiwe

Prezida Park yabaye arahagaritswe mu mabanga yiwe mu kurindira ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Ahavuye isanamu, EUROPEAN PHOTOPRESS AGENCY

Insiguro y'isanamu,

Prezida Park yabaye arahagaritswe mu mabanga yiwe mu kurindira ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

Inama nshingamateka ya Korea y’epfo yahagaritse mu mabanga yiwe prezida Park Geun-Hye kubera igiturire.

Abashingamateka batoye ko ahagarikwa ni 234 kuri 56, bisigura ko bamwe mu bashingamateka b’umugambwe uri ku butegetsi wa Saenuri, Park aturukamwo, bemeje ko yokurwa muri ayo mabanga.

Ibikorwa vya prezida Park ubu bigeye kuja mu minwe y’umushikiranganji wa mbere Hwang Kyo-ahn.

Yari amaze imisi yagirizwa ibintu bitaroranye yakoze vyatumye abanye Korea ibihumbi n’ibihumbi bihereza amabarabara mu ndwi ziheze basaba koyokurwa ku butegetsi.

Umuzi w’izo ngorane ishimikiye ku bucuti umupfasoni Park afitaniye n’umugenzi wiwe somambike Choi Soon-il, yagirizwa gukoresha ubwo bucuti ku nyungu ziwe bwite mu kwegeranya amahera.

Abashikirizamanza bavuga ko umupfasoni Park afise uruhara ruhambaye muri ico giturire kivugwea, we aguma ahakana, mu ndwi zike ziheze ariko ntiyahengeshanije gusaba imbabazi ku ruhara rwiwe muri ico giturire.

Iryo hagarikwa risigura ko umupfasoni Park abaye arahagaritswe mu mabanga yiwe, ariko iyo ngingo iracakeneye kwemezwa n’abacamanza icenda ba sentare ijejwe kwubahirizwa ibwirizwa shingiro, bafise amezi atandatu kugira bashikirize ahobahagaze.

Mu gihe boshigikira iyo ngingo, ni ho Umupfasoni Park yoca akurwa mu mabanga yiwe.

Azoba abaye umuprezida wa mbere akiri mu mabanga ahagaritswe muri kahise ka demokrasi y’ico gihugu.