Nigeria: 30 bishwe mu gitero c'abihevyi b'abagore

Ikarata ya Nigeria
Image caption Ikarata ya Nigeria

Abagore babiri bitwaje ibisasu biturika nibo bakoze ico gitero mu isoko ryuzuye abantu mu gisagara ca Madagali, ikaritiye ya Adamawa, niko igisirikare cabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Nta murwi uremanga ico gitero, ariko umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram umaze imyaka indwi uhamana na reta kandi urakunda gukoresha abatera biyahura.

Abandi benshi bakomerekeye muri ico gitero, nkuko umuvugizi w'igisirikare Majoro Badare Akintoye yabibwiye AFP.

Boko Haram yarigaruriye ico gisagara amezi menshi imbere yuko gisubira mu minwe y'igisirikare mu mwaka uheze.