Ni nde agiye gusubirira Dlamini-Zuma muri AU?

Nkosazana Dlamini-Zuma azorangiza amabanga yiwe mu kwezi kwa mbere

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Nkosazana Dlamini-Zuma azorangiza amabanga yiwe mu kwezi kwa mbere

Abashaka kuja mu kibanza c’umukuru w’ishirahamwe rya AU barakuranamwo mu kiganiro co guharira kiza kubera I Addis Abebas muri Ethiopia.

Ico kiganiro ni co ca mbere giteguwe na AU kubipfuza kuja muri ico kibanza.

Hari abipfuza ico kibanza batanu bashaka gusubirira umunye Afrika y’epfo Nkosazana Dlamini-Zuma, azorangiza amabanga yiwe mu kwezi kwa mbere, inyuma y’imyaka ine arongoye iryo shirahamwe.

Ico kiganiro kiza kwerekanwa muri zimwe mu mboneshakure, kiraza kandi guca ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abagiteguye basavye abantu kurungika ibibazo bakoresheje ikimenyetso ca #IkiganiroAfrika

Abashaka kuja muri ico kibanza ni:

  • Umushikiranganji w’imigenderanire wa Botswana Pelonomi Venson-Moitoi
  • Umushikiranganji w’imigenderanire wa Chad Moussa Faki Mahamat
  • Umushikiranganji w’imigenderanire wa Equatorial Guinea Agapito Mba Mokuy
  • Umushikiranganji w’imigenderanire wa Kenya Amina Mohamed.
  • Intumwa idasanzwe ya Onu mu gihugu ca Centrafrique, yamuka muri Senegal, Abdoulaye Bathily.

Dlamini-Zuma yongererejwe ikiringo c’amezi atandatu mu kwezi kw’indwi inyuma y’aho abategetsi b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bananiriwe kwumvikana k’uwosubirira mubari babisavye.

Abariko barahiganigwa ico kibanza ico gihe, hari icegera ca prezida wa Uganda, Specioza Wandira Kazibwe, uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire wa Botswana, Pelonomi Venson-Moitoi hamwe n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire wa Guinee Equatorial, Agapito Mba Mokuy.