Yahya Jammey yihindukije mw'ijambo ku gutsindwa kwiwe

Yahya Jammey avuga ko amajwi y'amatora yateranijwe nabi Uwufise ububasha kw’isanamu Jerome Delay
Image caption Yahya Jammey avuga ko amajwi y'amatora yateranijwe nabi

Umugabo yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri Gambia mu ndwi iheze yagirije uwuri ku butegetsi ko yononye demokrasi mu kwanka ivyavuye mu matora.

Umugwi wategura umuzo ku butegetsi wa Adama Barrow wavuze ko uwo mugabo yatsinze amatora atekanye, nyuma y'aho Yahya Jammeh yindukirije mw'ijambo kandi yari yemeye ko yatsinzwe.

Bwana Jammey yavuze ko ivyavuye mu matora bitateranijwe neza, aca asaba ko bayasubiramwo.

Umuvugizi yavuze ko umukuru w'igisirikare ca Gambia ashigikiye bwana Barrow.

Ibiro biserukiye Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku murwa mukuru Banjul, vyahamagariye igisirikare kwubahiriza aho abanyagihugu bashize.

Amakuru ava muri uwo muji avuga ko abasirikare bariko barashira udufuko twuzuye umucanga dukinga amasasu, ku bibanza bikomakomeye vya leta.

Vyagenze gute?

Ivyavuye mu matora vyasubiwemwo guharurwa n'akana kajejwe amatora itariki 5 z'ukwa cumi na kabiri, bimaze kumenyekana ko amajwi yo mu ntara imwe yateranijwe nabi, bwana Barrow yongerwa amajwi.

Iryo kosa, ryanatumye n'abandi bitoza bongerwa amajwi, ngo ntiryahinduye uko abitoza barushanya nk'uko bivugwa n'akana kajejwe amatora.

Ariko amajwi bwana Barrow yarusha Jammey aca agabanuka kuva kuri 9% gushika kuri 4%.

Soma andi makuru kuri Gambia

Perezida Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora ya Gambia

Prezida yatowe yishimiye Gambia nshasha

Prezida Jammeh wa Gambia yatsinzwe amatora na Adamu Barrow