Abasirikare ba Syria bari mu ntambwe ya nyuma i Aleppo

Abarwanya leta ya Syria babandanije gushira ibirwanisho hasi mu muji wa Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abarwanya leta ya Syria babandanije gushira ibirwanisho hasi mu muji wa Aleppo

Abasirikare ba leta ya Syria bari mu ntambwe ya nyuma yo kwigarurira Aleppo yose mu gihe abarwanya leta babandanije gushira ibirwanisho hasi.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw'Uburusiya buvuga ko uno munsi honyene abarwanyi igihumbi n'amajana ababiri bashize ibirwanisho hasi, abanyagihugu ibihumbi mirongo ibiri nabo bava mu karere kagoswe k'ubuseruko bwa Aleppo.

I Paris, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, ariko araganira na bagenzi biwe b'i Buraya no mu bihugu vy'Abarabu hamwe n'abatavuga rumwe na leta ya Syria ngo barabe uko abanyagihugu bofashwa.

Nayo i Geneve, abahinga mu gisirikare bo mu Burusiya na Amerika hamwe n'abaserukiye ibihugu, bariko bararabira hamwe ingingo zokurikizwa kugira abarwanya leta bave Aleppo.