"Jammeh nta bubasha afise bwo gusubiramwo amatora"

Adama Barrow avuga ko Yahya Jammeh ata burenganzira afise bwo gusubiramwo amatora

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Adama Barrow avuga ko Yahya Jammeh ata burenganzira afise bwo gusubiramwo amatora

Uwatsinze amatora yo muri Gambia, Adama Barrow, avuga ko umukuru w'igihugu Yahya Jammeh atemerewe n'ibwirizwa shingiro kwanka ivyavuye mu matora.

Yavuze ko yatanguje uburyo bwo kuganira na bwana Jammeh kugira boroshe ibisikana ku butegetsi biciye muri sentare ntahinyuzwa y'igihugu.

Kare ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryavuze ko ivyashikirijwe na bwana Jammeh ata gaciro bifise.

Bwana Jammeh yabanje kwemera ko yatsinzwe amatora anemera gushigikira uwatsinze ari Barrow.