Muri Nigeria abahitanywe n'isengero ryaguye bariyongera

Insiguro ya video,

Amasanamu ya video yafashwe isengero rimaze gukoroka - iyi video nta jwi ifise

Ibiziga vy'abantu 60 nivyo bimaze gukurwa mu bihomoka vy'isengero ryaguye mu muji wa Uyo uri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu ca Nigeria.

Amakuru ava aho vyabereye avuga ko abahasize ubuzima ari benshi gusumvya abo, ibitaro bikavuga ko ivyumba bibikwamwo ibiziga vyo muri uwo muji vyarengewe.

Urusenge rw'iryo sengero rwakorokeye ku bariko barasenga ejo kuwa gatandatu, mu muhango wo gutanga ubusenyeri.

Ababibonye bavuga ko iryo sengero ryari rikiriko rirubakwa kandi ko abakozi banyarukije akazi kugira uwo muhango ube ryamaze kwuzura.

Buramatari w'intara ya Akwa Ibom, Udom Emmanuel, nawe nyene yari muri iryo sengero ico gihe ariko akarusimba, yashizeko iminsi ibiri y'ikigandaro.

Umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yavuze ko vyamubabaje cane.

Inyubako zidakurikije amategeko

Gukoroka kw'inyubakwa muri Nigeria ni ibintu bishika cane, ahanini bitewe n'uko bubakisha ibikoresho bitabereye hamwe no kutubahiriza amategeko y'inyubako.

Haciye imyaka ibiri abantu barenga amajanabiri basize ubuzima mw'isengero ryabaguyeko mu muji wa Lagos.