Yahya Jammeh azokwitura sentare ku kibazo c'amatora

Yahya Jammeh yari yemeye ko Adama Barrow yamutsinze, aca yihindukiza mw'ijambo

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Yahya Jammeh yari yemeye ko Adama Barrow yamutsinze, aca yihindukiza mw'ijambo

Umugambwe w'umukuru w'igihugu wa Gambia ahejeje ikirongo, Yahya Jammeh, uvuga ko azokwitura sentare ntahinyuzwa ahakane gutsingwa kwiwe.

Akanama kajejwe amatora katangaje ko uwutavuga rumwe na leta Adama Barrow yatsinze amatora, yabaye mu ntango z'ukwezi.

Bwana Jammeh yabanje kwemera ko yatsinzwe, mbere aca akeza bwana Barrow.

Ariko kuwa gatanu yashikirije ijambo avuga ko yiyamirije ivyavuye mu matora.

Kwihindukiza mw'ijambo kwa bwana Jammeh kwariyamirijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n'iry'Ubumwe bwa Afrika.

Ayandi makuru kuri Gambia: