Ubufaransa: Umukuru wa IMF Christine Lagarde yagirizwa gusamara

Christine Lagarde avuga ko ata makosa yakoze mu kwishura Bernard Tapie

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Christine Lagarde avuga ko ata makosa yakoze mu kwishura Bernard Tapie

Igihe yari umushikiranganji w'ikigega ca reta ku ntwaro ya Prezida w'ico gihe Nicolas Sarkozy, yaremeje ko Bernard Tapie ahabwa imiliyoni $429 ku gurisha ryakweze amatati ry'ishirahamwe.

Tapie yarashigikiye Sarkozy mu matora y'umukuru w'igihugu mu 2007.

Lagarde yagirizwa kuba yakoresheje nabi amahera y'igihugu hakuregwa ibiturire. Avuga ko ata makosa yibonako.

Urwo rubanza rwatanguye mu ntango yo mu myaka y'i 1990, igihe Tapie yarafise umutahe munini mu shirahamwe ry'umupira w'amaguru Adidas.

Amaze kwinjira muri politike munyuma akaba umushikiranganji muri reta y'aba "socialistes" ya Francois Mitterrand mu 1992, vyabaye ngombwa ko Tapie agurisha iryo shirahamwe.

Mu 1993, yaritwariye Credit Lyonnais, ibanki ya reta yagiye mu gikorwa co kugurisha, avuga kw'iyo banki yamwivye mu guha agaciro gato iryo shirahamwe.

Mu mwaka w'i 2007, Lagarde yaciye asaba ko hoba umurwi urwicarira. Inyuma y'umwaka uwo murwi w'abantu batatu waciye utegeka ko Tapie ashumbushwa, bitera induru nyinshi mu banyagihugu.

Mu mwaka uheze, inyuma y'imyaka umunani y'induru zitewe n'urwo rubanza, sentare y'Ubufaransa yafashe ingingo ko Tapie atari akwiye guhabwa ayo mahera ko akwiye gusubiza imiliyoni $429.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Bernard Tapie yategetswe kwishura imilyoni $429 hamwe n'inyungu

Lagarde, w'imyaka 60, akurikiranwa na Sentare y'Ubutungane ya Repubulika "Cour de Justice de la République" (CJR) ku vyaha bijanye n'"urwangara"ku muntu ari mu mabanga y'igihugu".

Iyo sentare igizwe cane n'abanyapolitike kurusha abacamanza, ikurikirana ivyaha bikozwe n'abashikiranganji. Igihe Lagarde yoba yagiwe, yokatirwa igifungo c'umwaka.

Lagarde yasubiriye Dominique Strauss-Kahn mu burongozi bwa IMF mu 2011.

Strauss-Kahn - nawe nyene yigeze kuba umushikiranganji mu Bufaransa- yatanze imihoho akurikiranywe kubera ivyaha bishingiye ku gitsina i New York, ivyaha munyuma yahavuye akurwako.