Onu iragabisha ubwicanyi bukomeye mu gisagara ca Alep

Imfashanyo y'ubuvuzi ni nke cane mu gice giherereyemwo abagwanyi
Insiguro y'isanamu,

Imfashanyo y'ubuvuzi ni nke cane mu gice giherereyemwo abagwanyi

Umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki-moon yagabishije "ku bikorwa vy'urubozo bokorerwa abanyagihugu benshi" mu gisagara ca Alep.

Ban yasavye impande zose, na cane cane reta ya Syria n'abayifashe mu mugongo, gukingira abanyagihugu.

Umuhanuzi wa Onu araba imibereho myiza y'abantu, Jan Egeland, yavuze ko Syria n'Uburusiya "bazobazwa" ku mabi ayo ari yo yose akorwa n'abagwanyi bashigikiye reta.

Abagwanyi bari mu gisagara ca Alep bariko baratsindwa bikomeye inyuma y'aho igisirikare ca reta cigaruriye uduce tutari duke.

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu bariko barigina intsinzi mu karere abasirikare ba reta bamaze kwigarurira

Mw'itangazo, umuvugizi wa Ban, Stephane Dujarric yavuze "umunyamabanga mukuru aratewe umutima uhagaze n'inkuru z'ubwicanyi bwagiriwe abanyagihugu benshi, harimwo abapfasoni n'abana, mu masaha make mu gisagara ca Alep".

"Yategetse intumwa yiwe idasanzwe muri Syria kubikurikirana vyihuta hamwe n'ababikoze," ni ko iryo tangazo ribandanya rivuga.

Umutegetsi wa Amerika yemera akigoro ko guca inzira y'abanyagihugu bugaraniwe muri ico gisagara yabwiye BBC ko abantu boba bashika "50.000 bariko baragirwako ibitero vya bombe" mu gihe Uburusiya buterekwa iciyumviro co guhagarika ivyo bitero kugira bahe akaryo abantu ko kuvayo canke abana bakomeretse babakureyo.

Insiguro y'isanamu,

Abantu bariko baragerageza guhungira mu karere kakiri mu minwe y'abagwanyi

Gushika ubu, yaba reta ya Syria canke Uburusiya buyishigikiye, nta co barabivugako.

Egeland yanditse ku rubuga rwa Twitt ko reta ya Syria hamwe n'Uburusiya bazobazwa amabi ayo ari yo yose ariko arakorwa n'abagwanyi bashigikiye reta mu gisagara ca Alep.