Urunani CNARED Giriteka rwiyamirije umuhuza Mkapa

Insiguro y'amajwi,

Urunani CNARED Giriteka umuhuza Benjamin Mkapa

Umuvugizi w'urunani CNARED Giriteka, Pancras Cimpaye avuga ko urwo runani rwiyamirije muhuza mu matati y'abarundi Benjamin Mkapa rumuhora kwerekana aho ahengamiye.

Pancras Cimpaye avuga ko umuhuza Mkapa yavuze ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cemewe n'amategeko mu gihe cahonyanze ibwirizwa shingiro hamwe n'amasezerano ya Arusha.

Uwo muvugizi wa CNARED abona ko ata biganiro bigikenewe mu gihe yamaze kuvuga ivyo.

"Amaze kuvuga ko Petero Nkurunziza ari prezida yemewe n'amategeko, urumva ko ata biganiro biba bigikenewe kuko ivyo biganiro vyohereye kuri ico ki ico kibazo", uko ni ko Pancras Cimpaye, umuvugizi wa CNARED avuga.

Pancras Cimpaye kandi avuga ko bamaze kwandikira umukuru w'ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika, prezida wa Tanzania John Pombe Magufuli, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika hamwe na Onu, babamenyesha ko batacizeye umuhuza Benjamin Mkapa.

Insiguro y'isanamu,

Umuhuza Mkapa avuga ko hagiye kubandanya ibiganiro mu kwitegurira amatora ya 2020

Mu rugendo aherukamwo mu Burundi, umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa avuga ko abacibaza ko leta ihari mu Burundi itemewe ari ‘’uguta umutwe’’.

Hari mu kiganiro yatanze araginje urugendo rw’iminsi ibiri mu Burundi.

Yabonanye n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza incuro zibiri, abanyepolitike batandukanye n’abandi bafise uruhara mu buzuma bw’igihugu kugira ategure ibiganiro ategekanya mu kwezi kwa mbere.

Ingorane Uburundi burimwo zandurutse ku mpari z’ikiringo ca gatatu ca prezida Pierre Nkurunziza.

Abatavuga rumwe na leta bemeza ko giteye kubiri n’ibwirizwa nshinigiro n’amasezerano ya Arusha.

Ariko umuhuza we avuga ko prezida Nkurunziza ari umukuru w’igihugu yemewe kuko yatowe n’abanyagihugu.

‘’Abaserukira ibihugu vyabo baraza gushikiriza amakete yabo prezida Nkurunziza. ONU yaremeje ko ariwe mukuru w’ikigi gihugu. None uko guta umutwe ni nyabaki? Turata umwanya ku kibazo carangiye kera,’’ uko ni ko umuhuza Benjamin Mkapa yavuze.

Ku bazovyitaba, Benjamin Mkapa yavuze ko abaronderwa n’ubutungane bose batarimwo.

Ni na ho leta yari isanzwe ihagaze kuva kera.

Insiguro y'isanamu,

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ari kumwe n'umushikiranganji w'imigenderanire Alain Nyamitwe, Benjamin Mkapa yavuze ko, ko prezida Nkurunziza ari we aramutswa Uburundi kitakiri ikibazo

Bamwe mu batavuga rumwe na yo bahurikiye mu runani CNARED leta yabasohereye imitahe yo kubafata ku ruhara bagize mu vyo yita ‘’imigumuko’’ na bo bita ‘’imyiyerekano’’ yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza kuva mu kwa kane mu 2015.

Umuhuza Benjamin Mkapa yasavye ibihugu bihaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi kubarungika mu Burundi gucibwa imanza canke babatange mu bindi bihugu bishobora kubarungika.

Ku kirangamisi c’Umuhuza, vyari bitegekanijwe ko ivyo biganiro bizosubira gutangura mu kwezi kwa mbere birangire mu kwezi kwa gatandatu.

Benjamin Mkapa yagenywe mu kwezi kwa gatatu n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’ubuseruko EAC mu kwezi kwa gatatu ngo yunganire umukuru wa Uganda Yoweri Museveni mu guhuza abarundi.