Alep: Igikorwa co gukurayo abagwanyi carindirijwe

Ahavuye isanamu, AFP/ GETTY IMAGE
Imodoka za reta zunguruza abantu zamaze gushika mu buseruko bwa Alep
Umugambi wo gukura abagwanyi n’abanyagihugu mu buseruko bwa Alep bwazahajwe n’intambara, warindirijwe.
Imodoka za reta zunguruza abantu zaje ariko nta n’imwe irasubira kuhava, nk’uko inkuru zibivuga.
Bivugwa ko reta ya Syria isaba ko haba guhererekanya abagwanyi babo bakomeretse n’abanyagihugu bari mu bisagara bihegereye bikikujwe n’abanyi batavuga rumwe na reta.
Ihagarikwa ry’intambara hagati y’abasirikare ba reta n’abagwanyi kamenyeshejwe ku musi wa kabiri.
Mu gitondo ca kare ku wa gatatu, abategetsi babiri b’abagwanyi babwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters ko iryo hagarikwa rikibandanya, n’aho hari uguceregwa.
Akarere k’ubuseruko bwa Alep kari mu minwe y’abagwanyi kuva mu 2012.
Ariko abagwanyi barasugerejwe babahindira mu turere duto duto tw’ico gisagara mu mezi make aheze kubera ibitero bikomeye vya reta, ishigikiwe n’ibitero vy’indege z’intambara z’Uburusiya.