Inzahabu za Crimée zitegerezwa kuja muri Ukraine

Muri ivyo bikoresho bikozwe mu nzahabu harimwo inkofero y'ibakure yo ku kinjana ca kane imbere y'amavuko ya Yezu (i bubamfu)

Ahavuye isanamu, ALLARD PIERSON MUSEUM, AMSTERDAM

Insiguro y'isanamu,

Muri ivyo bikoresho bikozwe mu nzahabu harimwo inkofero y'ibakure yo ku kinjana ca kane imbere y'amavuko ya Yezu (i bubamfu)

Uburusiya bwiyometseko Crimée mu kwezi kwa gatatu 2014, igihe ubwo butunzi bw'inzahabu bwari bumanitse ahitwa Allard Pierson, ikigo kibika ivya kahise i Amsterdam.

Ibigo bine bibitse ivya kahise muri Crimée vyasavye ko ubwo butunzi bwosubizwa ariko Ukraine isigura ko ari umutungo wa reta.

Sentare yavuze ko yisunze amategeko ya Unesco, ko ubwo butunzi bukwiye guhabwa igihugu cigenga.

Mu gihe Crimée atari igihugu cigenga, sentare yafashe ingingo ko Ukraine ariyo ikwiye guhitamwo aho ubwo butunzi bwojanwa.

Abacamanza bavuze ko sentare za Ukraine ari zo zikwiye kuvuga uwukwiye kugumya ubwo butunzi. Basavye reta ya Kiev kuriha ico kigo kibitse ivya kahise €110,000 (£93,000) ku kuba carabitse ubwo butunzi imyaka ibiri.

Ukraine yatsinze ku mitahe yose

Ihayanishwa ryo mu Buhollandi "Crimée-Inzahabu n'amabanga yo mu kiyaga cirabura" ryabaye kuva mu kwezi kwa kabiri gushika mu kwa gatanu 2014, ryerekana ibikoresho bikozwe mu nzahabu vyo ku gihe c'ubukoroni bw'abagiriki. Mu gihe ibigo bine bibitse ivya kahise vyakopesheje ivyo bikoresho bikozwe mu nzahabu biri muri Amsterdam biri muri Crimée, ica gatanu kiri muri Kiev.

Kimwe muri ivyo bikoresho ni inkofero y'ibirori ya Scithian yo mu kinjana ca kane imbere y'ivuka rya Yezu.

Ahavuye isanamu, ALLARD PIERSON MUSEUM

Insiguro y'isanamu,

Ibindi bikoresho birimwo inkota

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Abanya Ukraine banezerewe igihe sentare yafata iyo ngingo. "Ukraine yatsinze ku mitahe yose," niko icegera c'umushikiranganji w'imico Svitlana Fomenko yavuze. Prezida Petro Poroshenko yavuze ko ingingo ya sentare idasigura ko iyo "nkofero y'inzahabu ya Scythian atari iya Ukraine gusa, ko ari ni iya Crimée".

Ariko umunya Crimée w'umuhinga mu vy'akahise Valentina Mordvintseva, yari muri iryo hayanishwa, yavuze ko urwo rubanza ari urwa politike. "Ni nkuko woba utabuye urukaratasi rumwe urukura mu gitabo gihambaye. Ivyo bikoresho biva ku butaka bwacu, kurivyo vyari bikwiye kuja Crimée,"niko yabwiye ikigo c'itangazamakuru co mu Buhollandi.

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imico kama yiyamirije iyo ngingo ya sentare y'Ubuhollandi, yidoga agira ati : "yahonyanze biteye isoni amategeko agenga uguhererekana ivy'akahise n'agateka k'abanyagihugu bo muri Crimée ko gushobora gushikira iragi ry'imico yabo".

Ubwo butunzi ntibuzoca burungikwa ubwo nyene i Kiev. Reta y'Uburusiya ifise amezi atatu ngo ishobore kwunguruza urubanza.