Prezida Duterte 'yarishe abagirizwa ibiyayuramutwe'

Prezida Duterte arakundwa cane n'abanyagihugu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Prezida Duterte arakundwa cane n'abanyagihugu

Prezida wa Philippine Rodrigo Duterte yemeye ko ubwiwe yishe inkozi z’ikibi akirongoye igisagara ca Davao.

Yatwaye ico gisagara co mu bumanuko mu kiringo kirenga imyaka mirongo ibiri, amenyekana cane mu kurwanya ubwicanyi, no kunebagurwa kubera ashigikiye abo bafata nk’imigwi y’abicanyi.

Duterte yabivugiye mu nama y’ubutunzi iriko irabera muri Philippine ku wa mbere imbere y’uko aja mu rugendo mu makungu.

Ibi ni vyo vya vuba mu bintu uwo mukuru w’igihugu avuga bidahurizwako na bose.

Mu vyo yashikirije , yavuze ko yahora atembera I Davao mw’ijoro ari ku moto, aho yashobora kwica abakekwako ubwicanyi, ashaka kwereka igipolisi ko na bo nyene bashobora kwica.

Vyibukije ivyo yigeze kuvuga mu 2015, aho yemeye ko yishe n’imiburiburi abagabo batatu bagirizwa ukunyuruza abantu no gusambanya ku nguvu abantu mu gisagara ca Davao.

Imbere y’amasaha make ngo ashikirize ivyo, yavuze ashimitse “sin di umwicanyi”, mw’ijambo yashikirije ryo gutanga agahembo ka ‘The Outstanding Filipino Awards 2016’.

Abantu boba bashika 6.000 bivugwa ko bishwe n’igipolisi, abacungera umutekano hamwe n’abacangero kuva Duterte atanguje urugamba rwo kugwanya ibiyayuramutwe, inyuma y’aho atorewe kurongora igihugu mu kwezi kwa gatanu.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Duterte yashikirije ivyo agira aje mu rugendo mu mahanga

Kuva ashitse ku butegetsi, aramaze kugendera Cambodge, akaba agiye kugendera Singapour ku wa kabiri.

Duterte aguma avuga ko agateka ka zina muntu ata co kamubwiye ahubwo anasaba ko abashingwamanza baburanira abagirizwa kudandaza ibiyayuramutwe bategerezwa na bo kugwanywa.