'Igikorwa co gukura abagwanyi muri Alep kiratangura'

Ahavuye isanamu, AFP/ GETTY IMAGE
Abasirikare ba reta bari mu micungararo ya Jisr al-Haj ku musi wa gatatu
Icizere congerekanye ko igikorwa co gukura abantu mu karere kari mu minwe y’abagwanyi mu gisagara ca Alep kigira gitangure, inyuma y’aho amasezerano ya mbere ata co yari yashitseko.
Inkuru ziva mu bagwanyi zivuga ko uwundi mwumvikano uja mu ngiro isaha 03:00GMT hanyuma abantu batangure ku vayo kare mu gitondo ku wa kane.
Inkuru ziva mu gisirikare ca Syria, Hezbollah n’ibinyamakuru vy’Uburusiya zivuga ko hariko haraba imyiteguro.
Vyari bitegekanijwe ko abagwanyi n’abanyagihugu basanzwe batangura kuvayo ku wa gatatu, ariko amasezerano yo guhagarika intambara ntiyakurikijwe.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters risubiramwo inkuru ziva muri reta ku musi wa kane mu gitondo, ryavuze ko “igikorwa co kwitegurira gukura abagwanyi bari mu buseruko bwa Alep ubu catanguye”.