Abantu barenga umuriyaridi baribwe kuri Yahoo

Umuyobozi mukuru Yahoo Marissa Mayer
Image caption Umuyobozi mukuru Yahoo Marissa Mayer

Kompanyi ya internet ya Yahoo ivuga ko abasuma bivye abantu barenga umuriyaridi bakoresha urwo rubuga.

Ivyo vyakozwe mu mwaka 2013.

Mu nkuru batanze, Yahoo ivuga ko ubwo busuma bw’amakuru akomeye butandukanye n’ubwari bwavuzwe mu kwezi kw’icenda muri uyu mwaka, aho abo basuma bivye inkuru kuri meyili zitandukanye z’abakoresha urwo rubuga bashika imiliyoni 500.

Image caption Inkuru z'uko Yahoo yibwe zatanguye kumenyekana mu 2013

Bongeyeko ko ivyibwe harimwo amazina, udusandugu tw’amakete, nimero za telefone, amatariki y’amavuka hamwe na nimero zo mw’ibanga.

Ariko amakarata ikarata bakoresha mu kuriha hamwe na nimero z’amakonte ntivyibwe.