Indege yagize isanganya mu Misiri yoba yaraturitse

Indege ya Egyptair yoba yarakorowe n'icayiturikiyemwo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Indege ya Egyptair yoba yarakorowe n'icayiturikiyemwo

Abakora itohoza mu Misiri bavuga ko basanze ibiva ku biturika ku bisigarira vy'abahitanywe n'isanganya ry'indege yo muri ico gihugu yaguye mu kiyaga mu kwa gatanu.

Indege Egyptair nimero MS804 yaguye mu kiyaga Mediterane iri mu rugendo ija i Paris itariki cumi n'icenda z'ukwa gatanu.

Abantu batandatu bose bari bayirimwo bahasize ubuzima, ariko icateje iryo sanganya nticigeze kimenyekana.

Icuma gifata amajwi co mu kumba k'abadereva cerekanye ko abadereva bagerageje kuzimya umuriro.

Ntagutabaza kwigeze kuba imbere y'uko iryo sanganya riba.

Habanje kuba ubwoba bw'uko igikorwa c'iterabwoba coba ari co cakoroyoye iyo ndege, ariko nta mugwi n'umwe wigeze wiyitirira ico gitero.