Abarwanyi bambere bavuye Aleppo bashitse hanze y'umuji

Amabisi ya mbere atwaye abari mu buseruko bwa Aleppo yagiye

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Amabisi ya mbere atwaye abari mu buseruko bwa Aleppo yagiye

Imiduga yambere itwaye abarwanyi bari bagotewe mu muji wa Aleppo muri Syria yashitse mu karere k'abatavuga rumwe na leta hanze y'uwo muji.

Ni urukurikirane rw'amabisi hamwe na zarusehabaniha z'ishirahamwe Syrian Arab Red Crescent n'abakozi ba Croix Rouge batwaye abarwaye hamwe n'abakomeretse.

Abarwanyi hamwe n'imiryango yabo nibo vyitezwe ko bakurikira.

Umutegetsi wo muri Turkiya avuga ko abantu bashika ibihumbi mirongo itanu ari bo bagomba kujanwa muri ico gikorwa, akavuga ko vyitezwe ko giherahezwa mu minsi ibiri canke itatu.

Hakurikijwe uwo mugambi, abakomeretse ba leta nabo vyitezwe ko bahabwa inzira bakava mu duce twugarijwe n'abarwanyi twa Kefraya na Fua.

Izi nkuru nk'iyi: